settings icon
share icon
Ikibazo

Mbe Yesu n’inde ?

Inyishu


Ikibazo Mbe Yesu n’inde kiratandukanye n’ikibazo ’ Mbe Imana iriho ? ’ kubera n’ibake bakekeranya ko Yesu Kristo yigeze kubaho. Benshi baremera ko Yesu Kristo yigeze kubaho, haciye imyaka 2000, mw’ isirayeli.Ariko aho benshi batumvikanira ni kubijanye ni wo yari. Ama dini nka Yose aremeza ko Yesu yari umwigisha canke umuvugishwa w’Imana. Ingorane n’uko bibiriya itubwira ko Yesu Kristo yasumba ivyo vyose.

Uwitwa C .S Lewis, mu gitabo ciwe ’ Mere Christianity ’ yavuze ati : ’ Ndiko ndageregeza ngaha kubuza uwariwe wese kutavuga ivyo benshi bavuga kuri Yesu Kristo (bidafise intumbero): ’Ndemeye kwakira Yesu nk’umwigisha w’ijambo ry’Imana akomeye, ariko sinshobora kwemera ko ar’ Imana.’ Ivyo nivyo tudategerezwa kuvuga. Yoba Yesu ari umuntu asanzwe ntiyari gushobora kuvuga amajambo nkayo yavuze. Uwo muntu Yoba yarasaze- canke yoba ari Satani avuye m’ukuzimu! Utegerezwa gutora kwemera Yesu nk’ Umwana w’Imana canke gutora kwemera ko yari umusazi (n’ibindi birenzeko). Urashobora gutora kumwita umusazi ntiwumvirize amajambo yiwe canke ukamuvuma washaka ukanamwica nk’idayimoni.Ariko urashobora gutora nahone kumu pfukamira nk’Imana. Ariko ntushobora kuja hagati, aho utemera canke ugarariza.’

None Bibiriya yo ivuga Yesu ko arinde ? Akorero ni Yohana 10 :30 aho Yesu yavuze ati : ’ Jewe na Data tur ’umwe ’. Dukeneye kuraba gusa ingene Abayuda babifashe kugire tumenye ko Yesu yariko yigereranya n’Imana : ’ Bun’abayuda bongera gutora amabuye’ Wewe ur’umuntu ukigira Imana ’ (Yohana 10 : 33). Abayuda bari batahuye neza ivyo Yesu yariko aravuga- Ubu Mana bwiwe. Mwitegereje neza, Yesu nti yahakanye ko ari Imana. Igihe Yesu yavuga ko We na Data bari Umwe, yariko agerageza guhishurira abayuda ko we na Data bafise Ubwoko na Kamere kamwe. N’akandi karorero ni Yohana 8 :58: ’Yesu arababgira ati n’ukuri n’ukuri ndababgira: Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho ’. Abayuda buvyumvise bashaka kumutera amabuye, nkuko amategeko abivuga (Abalewi 24 :15).

Yohana aravuga ’ Jambo yar’Imana ’ kandi ’ Jambo yihaye umubiri ’ (Yohana 1 :1,14). Ibi n’ibigabane vyemeza neza yuko Yesu yari Imana muntu.Toma, umwe mubatumwa, yaravuze ati ’ Mwami, Mana yanje ’(Yohani 20 :28). Yesu ntiyamukosoye ! Tito 2:13 iratudetera intenge ngo turindire ukugaruka ku Mwami Imana, Yesu Kristo (na 2 Petero 1 :1).

Raba abaheburayo 1 :8 : ’Ariko, ivy’umwana wayo yabivuze, it ’Ingoma yawe, Mana, ihangamye ibihe bidashira, icumu ry’uganza atunganye.’ Imana Data yahamagaye Yesu ’Mana’, vyemeza ko Yesu ari Imana. Mw’isezerano rya kera, turabona abavugishwa n’Imana bemeza ko Yesu ari Imana. Yesaya 9 :6 baravuga bati : ’ kuk’umwana atuvukiye, duhawe umwana w’umuhungu, ubutware buzoba ku bitugu vyiwe : azokwitwa Igitangaza, Umujanama, Imana y’ubushobozi, Data wa twese ahoraho, Umukama w’amahoro.’

None ni kubera iki ikibazo (kijanye nuwoYesu ari) gikomeye ? Igituma gikuru Yesu ategerezwa kuba Imana ni kubera yoba Yesu atari Imana, ugupfa kwiwe ntikwari gushobora guhanagura ibicumuro vy’isi yose (1Yohana 2 :2). Imana yonyene ni yo yarishobora kuriha ingero y’ivyaha vyacu (Abaroma 5 :8, 2Ab’Ikorinto 5 :21). Yesu yategerezwa kuba umuntu kugira adupfire kandi yategerezwa kub’Imana kugira aducungure. Agakiza kaboneka mu kwizera Yesu Kristo gusa. Ubu Mana bwa Yesu Kristo ni bwo butuma aba Umukiza wenyene ashobora kuducungura. Ico ni co gituma yavuze ati : ’ Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo : ntawushika kuri Data ntamujanye.’ (Yohana 14 :6)

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbe Yesu n’inde ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries