settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega Imana irabaho ? Hoba hari icemezo ko Iriho ?

Inyishu


Nta cemezo cuko Imana iriho canke itariho.Bibliya ivuga ko tubwirizwa kwemera ko Imana iriho mu buryo bwo kwizera. Kandi utizera ; ntibishoboka ko ayihimbara, kuko uwegera Imana akwiye kwizera ko iriho igaha imperaabayirondera(abaheburayo11 :6). Iyo Ibishaka yari kwiyereka gusa isi nzima ko Iriho. Ariko iyo ibigira irtyo nta kwizera kwabakuikenewe. (Yohana20 :29) ’ Yesu aramwishura ati wijejwe n’ukumbonye ; hahirwa abatarinze kubona, yamara bakizera ’.

Ivyo ariko ,ntibisigura ko atacemeza ukubaho kw’Imana. Bibliya iravuga, ’ Ijuru ritangazaicubahiro cImana,itazanure ryaryo rimenyesha igikorwa c’intoke zayo. Umurango uvugana n’uwundi murango urudaca,ijoro rimenyesha irindi joro ubwenge.Nta

Majambo, canke ururimi biriho, ijwi ryaryo ntiryumvikana. Umugozi ubigera ushika mw’isi yose,bo n’amajambo yavyo ashika kumpera z ’isi.Muri vyo yashingiye izuba ihema ( Zaburi19 :1-4) Twihweje inyenyeri,tukihweza ubwaguke bw’isi, n’ ivyo yaremye,tukihweza ubwiza bw’izuba rirenga ,ivyo bintu vyose bitwemeza ko hari Umuremyi wavyo ariyo Mana. Ivyo bidahagije ;hari icemezo cuko Iriho mu mitima yacu.

Umusiguzi3 :11 ’ Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco,kandi yashize ivyiyumviro vy’ibioraho mu mitima yabo ’.Muri twebwe hari icemezo ko urengeje amaso ibi tubona,hari Umuremyi wavyo.Dushobora kubihakana ;yamara ;Imana iri mu mitima yacu no muvyo yaremye Irabitwemeza.

Naho bimeze birtyo,bibliya iratugabisha ko hazoba bamwe batazokwemera ko Imana ibaho. (zaburi14 :1) ’ Igipfapfa cibwira mu mutima ngo nta Mana iriho.Twihweje ko ubwinshi bw’ababa mw’isi uko urunganywe rugendarurakurikirana ;n’imico y’abantu kw’isi yose bemera ko hari Imana, hari ikibatuma bavyemera.

Dusubiye kuvyo bibliya ivuga kuvyerekeyeukubaho kw’Imana, hari ivyemezo nyakuri ko : ubwa mbere hari amamuko y’umuntu . Muri kahise barerekana ko bemeza ukubaho kw’Imana Hatangurainsiuro y’icarico Imana,ko ata kiza kiyisumba. Bavuga ko kubaho ari gikuru kurutakutabaho,n’ukuvuga rero ki Isumba vyose Iriho.Niba Itabaho,bica bihushanya n’insiguro duha Imana ; Insiguro ya kabiri ni ya giteolojiya .Ivuga ko turavye ingene isiiremye,bisigura ko hari ica yiremye ku rutonde rwiza. Akarorero ;iyo isi iba iri kure gato,kanke ikigirwa hafi gato y’izuba,nta buzima bwosubira kuba kuri yo.Kandi ikirere gihindutse,ntikibe nkuko kiremwe ubu ;ntabinyabuzima vyosubira kuba kw’isi.

Icemezo zagatatu cemeza ukubaho kw’Imana,ni ico twokwita cosimosi.Bisigura ko ikibaho cose mw’ijuru,gifise ico kimaze.Hari icatumye ibigendajurubibaho. Mu vyukuri,hategerezwa kuba hari ikintu gihambayegituma ikindi kibaho.Ariko ico gituma vyose bibaho ni Imana .

Insiguro igira kane,n’iyo mu buryo bw’umushaha. Imibereho yo kuva na kera,yarifise urugezo kanaka rw’ amategeko.Umuntu wese afise ikimwemeza ikibi n’iciza.kwica,kwiba, gusambana,bose barazi ko ari bibi.None ico cemezo co mu mutima, ntikivaku Mana ?Naho bimeze birtyo, bibliya iratugabisha ko abantu bazoreka ukuri bakizera ibinyoma gusa.Abaroma 1 :25 havuga ngo ’ kuko ukuri kw’IMANA baguhaye ibinyoma, bagasengabagakorera icaremwebakakirutisha Iyakiremye,Niyo Ikwiye gushimwaibihe bidashira. AMEN. ’

Bibliya irongera ikavuga ko abantu batazoharirwa kuko batizeye Imana. Kuko ibitabonekavyayo ;nibwo bushobozi bwayo,bibonwaneza,uhereye kukuremwa kw’isi bimenyekanishwa nivyo yaremye, kugira ngo ntibagire ico bireguza .

Abantu bavuga ko at’ Imana iriho kubera bu shakashatsi budashobora kubisobanura canke ata vyemezo. Imvo nyamukuru nuko bemera Imana ko iriho, bagatahura ko bakenye imbabazi ziva Ku Mana (Aba Roma 3 :23-Roma 6 :33). Nimba Imana ibaho dutegerezwa kumenya ko izotubaza ivyo twakoze. Niba naho Itariho, nitwigenze uko twishakira kuko atakizoducira urubanza.

Nico gituma benshi mu bahakana Iman ako ibaho bishimikiza icivugo cabiyita aba ’naturaliste’. Bibaha ubwigenge bwo kwemera ko iriho, kandi umuntu wese arazi ko iriho. Igituma benshi baharira cane bahakana ko Imana itariho vyemeza gose ko ahubwo Imana iriho.

Mbega tuzi dute ko Imana ibaho ? Twebwe aba Christo turemeza nez ako Imana ibaho, kuko tuvugana nayo imisi yose mugusenga, ntituyumvamu matwi ariko turumva ubuntu bwayo idukikije.Turumva ko ituyobora, iradukunda , kandi tirifuza ko itugirira imbabazi. Hari ibintu vyinshi vyadushikiye mu buzima, atayindi nsiguro twobiha atari insiguro y’Imana. Imana yaradukijije, irahindura ubuzima bwacu mu buryo butangaje ata kindi twogira atari kuyiha amashimwe. Ntanakimwe muri ivyo twatanze ko insiguro vyokwemeza abayihakana batemera ukubaho kwayo. Muguheraheza, Imana irabaho muburyo bwo kw’izera (aba Heburayo11 :6). Ukwizera Imana si nzira ijana mu mwiza, ahubwo n’intambuko umuntu afata mu nzira y’ umuco atari bake bemeye.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega Imana irabaho ? Hoba hari icemezo ko Iriho ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries