settings icon
share icon
Ikibazo

Mpejeje Kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza’cangira iki ?

Inyishu


Imana Ishimwe! Uhejeje gufata ingingo igiye guhindura ubuzima bwawe! Ngira ubu uriko uribaza, None ca nkora iki ? Mbe ntangura gute urwo rugendo hamwe n’Imana ? Aha munsi, uraza kubona impanuro z ’ivuye muri bibiriya twatanze zerekana ivyo utegerezwa kugira (n’izitanu). Hariho ibindi bibazo wumva ushaka kubaza, nuje kuri: www.GotQuestions.org/Kirundi.

1. Utegerezwa kw’umva ico kuronka agakiza bisigura

1Yohana 5 :13 baratubwira : ’ Ivyo ndabibandikiye mwebge mwizeye izina ry’umwana w’Imana, kugira mumenye yuko mu fise ubugingo budashira. ’ Imana irashaka ko dutahura yuko dufise ubugingo budashira. Irashaka ko turonka umwidegemvyo kandi tumenya ko twakijijwe (canke ko yadukijije urupfu, umuriro udahera, n’ivyaha). Mu ntangamarara reka dusubiremwo ibice bikomeye :

(a) Twese turabacumuzi. Kandi twese turamaze gumura ku Mana. (Abaroma 3 :23)

(b) Kubgivyo, gutandukana n’Imana Ibihe bidashira, nico gihano dukwiye.(Abaroma 6 :23)

(c) Yesu yabambwe k’umusaraba kubw’ivyaha vyacu (Abaroma 5 :8, 2 Ab’Ikorinto 5 :21). Yafashe ikibanza cacu, n’igihano twebge twari dukwiye kuronka. Ukuzuka kwiwe kwemeje yuko urupfu rwiwe rwahanaguye ivyaha vyacu.

(d) Imana iratanga Imbabazi n’ugukizwa kuri abo bose bashira ukwizera kwabo muri Yesu- bakemera ko ugupfa kwiwe kwari ingero twebge twari dukwiye kuriha kubera ivyaha vyacu (Yohana 3 :16 ; Abaroma 5 :1 ; Abaroma 8 :1)

Iyi ni yo Nkuru Nziza, inkuru y’agakiza turonka muri Kristo Yesu ! Niyaba washize ukwizera kwawe muri Kristo nk’Umwami n’Umukiza , Waronse Agakize- uri mu muryango wa ba kijijwe ! Ivyaha vyawe vyose vyahanaguwe, kandi Imana yasezeranye ko itazokwigera iguheba canke iguta (Abaroma 8 :38-39, Matayo 28 :20). Wibuke ko agakiza kawe gahagaze neza kuri Yesu Kristo (Yohana 10 : 28-29). Niyaba wizeye muri Yesu (wenyene) Nk’ Umukiza, urashobora kuronka umwidegemvyo yuko uzomara ibihe bidashira mw’ijuru Hamwe n’Imana !

2. Rondera ishengero ryiza aho bigisha bibiriya

Ntiwiyumvero ishengero ko ari inzu abantu bakoraniramwo. Ishengero n’abantu. Birakenewe cane yuko abemera Yesu Kristo bakoranira hamwe kugira ba muhimbaze. Ico ni co gituma gikuru gituma ishengero ribaho. Ubu rero ko wakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wawe, turagusaba urondere ishengero ryemera kandi ryigisha bibiriya impande yaho uba ; kandi bishobotse muvugane n’umwungere waho, ari we pasitori. Mubwire yuko uheruka kuronka agakiza, umwiganire n’uko vyagenze.

Ica kabiri ishengero ry’Imana rijejwe n’ukwigisha Ijambo ry’Imana- Bibiriya. Urashobora gutahura ingene ukurikiza impanuro z’Imana mu buzima bwawe. Gutahura Bibiriya ni vyo nyene ukeneye kugira ushobore kubaho ubuzima bw’umu Kristo w’ukuri ahimbaye. 2 Timoteyo 3 :16-17 havuga ngo ’Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana , kandi bigira Ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka : kugira ng’umuntu w’Imana abe ashitse, afise ibimukwiye vyose, ngw’akore igikorwa ciza cose. ’

Ica gatatu, Ishengero ry’Imana ritegerejwe gukora n’ugutazira Imana ; kuyihimbaza. Guhimbaza Imana n’uku yishimira kuvyo yagukoreye vyose ! Imana yaradukijije. Imana iradukunda. Imana iraduha vyose, kandi ikaturongora mu nzira dutegerezwa gufata. Vyogenda gute ngo ntituyishimire ? Imana irera, iragororotse, irakundana, ifise imbabazi, n’ubuntu bwinshi. Muvyahishuriwe Yohani 4 :11, bavuga ngo ’ Birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kwari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye ’

3. Fata akanya, iminsi yose, mu bonane n’Imana

Birakenewe ko twese dufata akanya iminsi yose kugira tubonane n’Imana. Benshi ba vyita mu congereza ’ quiet time ’ canke ’ devotion ’ kubera n’ akanya umuntu y’ihebera Imana. Bamwe bafata ako kanya mu gatondo abandi mw’ijoro. Muga ntaco bivuze izina uvyita canke isaha ubikorerako, gikuru n’uku umuntu abigira iminsi yose. None dukora iki muri uwo mubonano n’Imana ?

(a) Turasenga. Gusenga nu kuvugana n’Imana. Bwira Imana ingorane zawe ni bikugoye. Saba Imana iguhe ubumenyi n’ubwitonzi- n’ibindi ubona yuko ukeneye. Bwira Imana ingene uyikunda kandi uyishimira kuri vyose igukorera. Ivyo ni vyo bita gusenga.

(b) Soma Bibiriya. Nivyo mw’ishengero turigishwa Bibiriya ariko na twebge dutegerezwa gusoma bibiriya ukwacu. Bibiriya irimwo vyose utegerezwa kumenya kugira ubeho ubuzima bw’umu Kristo ahimbaye imbere y’Imana. Bibiriya irimwo Impanuro z’Uhoraho zigufasha : gufata ingingo zo, kugendera mu bugombe Bwiwe, no gukura mu gakiza. Bibiriya ni Jambo Imana yaduhaye. Bibiriya ni igitabo Imana yashize hamwe kugira dukurikize tukiri kuri ino si, kugira dushobore kubaho ubuzima bunezerezeye imbere yayo.

4. Gendana n’abazi Imana nkawe, bashobora kugufasha.

1 Ab’Ikorinto 15 :33 haravuga : ’ Ntimuzimire : Kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.’ Bibiriya iratuburira kubijanye no kugendana n’abatazi Imana. Kubera bagendera mu vyaha, bishobora kudutuma natwe tubirwamwo. Ingeso yabari iruhande yacu iradukurikirana, tugasanga dusigaye twifata nkabo. Nico gituma ari vyiza kugumana n’abazi Imana kandi bayikunda nkawe.

Gerageza urondere umugenzi umwe canke babiri (nkabo musengera hamwe) kugira bashobore kugufasha canke kugutera intege bikenewe (Abaheburayo 3 :13,10 :24). Saba abo bagenzi bawe bazohore bakwibutsa kandi baraba (mu rukundo) yuko ugendana n’Imana usenga kandi ufata ka kanya imisi yose. Basabe nawe uzohore abagenzura ubarabire ko ivyavo navyo bigenda neza. Ibi ntibisigura yuko utegerezwa guheba abagenzi bawe bose batazi Yesu nk’Umwami n’Umukiza wabo. Mu bandanya muri abagenzi kandi ubandanya ubakunda ; ariko batahuze yuko Yesu yahinduye ubuzima bwawe kandi yuko udoshobora kubandanya wigenza nkuko wahora ubigira utaramumenya. Saba Imana ikwugururire umuryango kugira nabo uba bwire Ubutumwa bwiza.

5. Kubatizwa

Abantu benshi nti baratahura neza ico kubatizwa bisigura. Ijambo ’ kubatiza ’ risigura kwinjiza canke gushira mu mazi. Kubatizwa, n’ukugaragaza imbere y’abantu n’Imana yuko wakiriye Yesu nk’Umwami n’Umukiza wawe kandi yuko ugiye kumu kurikira. Igikorwa co kwinjiza mu mazi umuntu gishushanya uguhambwa na Kristo. Kuva mu mazi naho, bikerekana izuka ryiwe. Kubatizwa n’ukwishushanya n’urupfu rwa Kristo, uguhambwa no kuzuka kwiwe.

Kubatizwa ntibitanga agakiza kandi ntibidukurako ivyaha vyacu. Mu majambo make, Ukubatizwa n’ ugutora kw’ubaha Imana kandi no kubigaragaza imbere y’abantu. N’iyaba wumva wifuza (cankeukabona ugeze) kubatizwa, uzoce ubivugana n’umwungere wawe.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mpejeje Kwakira Yesu nk’Umwami n’Umukiza’cangira iki ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries