settings icon
share icon
Ikibazo

N’iki Umugambi w’agakiza/ Inzira ijana kugakiza ?

Inyishu


Mbe wumva ushonje ? Atari mu buryo bw’umubiri ! Ariko uraba mu buzima bwawe, harico ubona kibuze kandi kidashobora kwuzuzwa n’ivyisi ? Niyaba arivyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ngo ’ Ni jewe mutsima w’ubugingo : uza kuri jewe ntasonza na mba, kand’unyizera nta ho azogira inyota na mba ’ (Yohana 6 :35).

Mbe harivyo woba utumva ? Kuburyo udashobora gutora inzira ufata m’ubuzima canke udatahura igituma uriho ? Mbe ubona vyoba bisa nkuko umuntu yoba yazimije amatara kuburyo udashobora gutora aho bakiriza ? Niyabaya bimeze bityo, Yesu niwe nzira ! Yesu yavuze ati : ’ Jewe nd’umuco w’isi, unkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo ’ (Yohana 8 : 12)

Mbe hahora hashika igihe ukumva monga ubuzima ntaco bumaze ? Woba waragerageje imiryango myinshi- ariko ivyo wasanzeyo ntivyujuje ubuzima bwawe ? Niyaba ari vyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ati : ’Ni jewe rembo, kand’ushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha ,agaturuka, akaronka icanya. ’ (Yohana 10 :9)

Mbe ubona abandi bama bakwihinduka ? Imigenderanire ufatiniye nabo yoba ituzuza ubuzima bwawe ? Vyoba bimeze nkuko boba bashaka kugira ico bakuronseko ? Ni yaba aruko,Yesu ni we nzira ! Yesu yavuze ati : ’ Ni jewe mwungere mwiza ; umwungere mwiza yigura intama ziwe. Ni jewe mwungere mwiza ndazi izanje, n’izanje ziranzi.’ (Yohana 10 : 11, 14)

Woba ufise amakenga kubijanye n’ibizoza iy’isi imaze kuvaho, n’abayiriko ? Woba warambiwe no kubandanya wirukira ibintu ata co bimaze ? Woba wifuza kubaho inyuma y’ugupfa kwawe ? Niyaba arivyo, Yesu ni we Nzira ! Yesu yavuze ati : ’ Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Unyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho ; kand’uriho wese anyizera, ntaho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira.’(Yohana 11 : 25-26)

Mbe woba uzi inzira, canke ukuri ? Woba wifuza kubaho ubuzima bwo ? Yesu arishura ati : ’ Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: ntawushika kuri Data ntamujanye.’(Yohana 14 :6)

Inzara wumva n’inzara iri ina muri wewe, Ishobora guhazwa n’Imana gusa. Yesu niwe wenyene ashobora gukemura uwo mwijima. Niwe muryango ushikana ku buzima bw’ukuri. Yesu niwe mugenzi kandi mwungere wamy’ wifuza. Yesu niwe Buzima- ubu n’ibihe bidashira. Yesu niwe Nzira ishikana ku gakiza !

Igituma wumva ushonje, kandi monga ugendera m’umwijima canke igituma udashobora gutahura ubuzima ni kubera utagendana n’Imana. Bibiriya iratubwira ko twese turi abacumuzi kandi kubwivyo tudashikira ubwiza bw’Imana (Umusiguzi 7 :20, Abaroma 3 :23). Kubera twaremwe kugira tugire imigenderanire myiza hamwe n’Imana, Iyo utandukanye nayo kubera Ivyaha vyawe, Ubuzima bwawe nta ntumbero buba bugifise. Kandi, tutaravye neza ivyo bicumuro birashobora kudutuma dutandukana n’Imana ibihe bidashira (Abaroma 6 :23, Yohana 3 :36).

Mbe none twovyirinda gute ? Yesu ni we Nzira ! Yesu yatwikorereye ivyaha vyacu (Ab’Ikorinto 5 :21). Yesu yapfuye kubwacu (Abaroma 5 :8), ingero twebge twari dukwiye. Haciye Iminsi itatu, Yesu yazutse mu bapfuye, vyemeza intsinzi yiwe k’urupfu n’icaha (Abaroma 6 : 4-5). None kubera iki yoba yaremeye kubikora ? Yesu yarishuye avuga ati : ’ Nta wogira urukundo ruruta urw’uk’umuntu yigura abakunzi biwe. ’(Yohana 15 :13). Yesu yapfuye kugire twe tubeho. Dushize ukwizera kwacu mu gupfa no kuzuka kwiwe, ivyaha vyacu birahanagurwa. Aho niho rero dushobora guhazwa n’Imana. Niho tuzoshobora kugendera mu muco ; kandi tukabaho ubuzima bushimisha. Tuzoshobora kumenye uwo mugenzi mpfampfe wacu, umwungere mwiza. Tuzoshobora kumenya ko dufise ubuzima budahera- hamwe na we mw’ijuru !

’ Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, kugira ng’ umwizera wese ntaze apfe urupfu rubi, ariko ahabge ubugingo budashira ’(Yohana 3 : 16)

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

N’iki Umugambi w’agakiza/ Inzira ijana kugakiza ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries