settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega inzira y’Abaroma ishikana ku gakiza n’iyihe ?

Inyishu


Inzira y’Abaroma ijana ku gakiza ni uburyo bwo gusobanura inkuru nziza y’agakiza ukoresheje igitabo c’Abaroma. Ni uburyo bworoshe mugabo burimwo ubushobozi bwo gusobanura igituma dukeneye agakiza, ingene Imana itanga agakiza, ingene dushobora kuronka agakiza, n’inyungu z’agakiza.

Umurongo wa mbere ukoreshwa mu nzira y’Abaroma ijana ku gakiza ni Abaroma 3:23: “Bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubgiza bg’Imana.” Twese twaracumuye. Twese twakoze ibintu bitanezereza Imana. Nta n’umwe muri twebwe ari umwere. Abaroma 3:10-18 haraduha ishusho itwereka ingene icaha gisa mu kubaho kwacu. Igisomwa kigira kabiri mu Nzira y’Abaroma ijanga ku gakiza ni Abaroma 6:23, hatwigisha ingaruka z’icaha – “Ingero y’icaha ni urupfu.” Igihano twaronse kubw’icaha cacu ni urupfu. Si urupfu rw’umubiri gusa, yamara kandi n’urupfu rw’impwemu rurimwo!

Umurongo ugira gatatu mu Nzira y’Abaroma ijana ku gakiza uhera aho Abaroma 6:23 hagarukira ukavuga uti: "Arikw’ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.” Abaroma 5:8 havuga ngo: “Arikw’Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’abanyavyaha.” Yesu Kristo yaradupfiriye! Urupfu rwa Yesu ni rwo rwarishe igiciro c’ivyaha vyacu. Ukuzuka kwa Yesu gushingira intahe ko Imana yemeye urupfu rwa Yesu nk’indishi y’ivyaha vyacu.

Intambuko ya kane y’Inzira y’Abaroma ijana ku gakiza ni Abaroma 10:9 havuga ngo: “Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ar’Umwami, ukizera mu mutima yukw’Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa.” Kubw’urupfu Yesu yadupfiriye, ico dukwiye gukora ni ukumwizera, tukizera ko urupfu rwiwe rwarishe umwenda w’ivyaha vyacu – hanyuma tugakizwa! Abaroma 10:13 hongera kuvuga hati: “Kuko umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.” Yesu yapfuye kugira ngo arihe igihano c’ivyaha vyacu maze adukize urupfu rw’ibihe bidashira. Umuntu wese yizeye Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza araronka agakiza n’ukubabarirwa ivyaha.

Ikintu ca nyuma mu Nzira y’Abaroma ijana ku gakiza ni inyungu ziva mu gakiza. Mu Baroma 5:1 tubonamwo ubu butumwa bw’igitangaza: “None rero, ko twatsindanishirijwe n’ukwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’Umwami wacu Yesu Kristo.” Biciye muri Yesu Kristo turashobora kugirirana n’Imana imigenderanire irangwa n’amahoro. Abaroma 8:1 hatwigisha ngo: “Nuko rero noneh’abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.” Kubw’urupfu rwa Yesu kubwacu, ntituzocirwa urubanza rw’ivyaha vyacu. Ubwa nyuma, duhabwa iri sezerano ry’igiciro tubona mu Baroma 8:38-39: “Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ubugingo, cank’abamarayika, cank’abaganza, cank’ibiriho cank’ibizoba, cank’abafise ubushobozi, cank’uburebure bg’igihagararo, cank’uburebure bg’amajepfo, cank’ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.”

Mbega woba wifuza kujana Inzira y’Abaroma yerekeza ku gakiza ? Ni waba uvyifuza, bwira Imana rino sengesho. Mu kuvuga rino sengesho uba weretse Imana ko wisunze Yesu Kristo ngo aguhe agakiza. Ayo majambo ubwayo ntashobora kugukiza. Ukwizera Yesu gusa ni kwo kuguha agakiza! “Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ko nkwiriye igihano. Ariko Yesu Kristo yikoreye igihano canje kugira ngo mbone guharirwa kubw’ukumwizera. N’umfashe kukwizera kugira ngo ndonke agakiza. Ndagushimiye kubw’ubuntu n’imbabazi bitanganje – n’ingabire y’ubugingo budashira! Amen!"

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega inzira y’Abaroma ishikana ku gakiza n’iyihe ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries