Mbe Umukristo n段ki ?




Ikibazo : Mbe Umukristo n段ki ?

Inyishu :
Tugiye kuraba mu bitabo bisigura amajambo, Umukristo kenshi gisigurwa nk置muntu yemeza Yesu kwari Kristo canke akurikira inyigisho ziwe. Naho arivyo, ntibisobanura neza ico kuba umu Kristo bisigura. Ijambo ォ Umukristo サ, rikoreshwa 3 mw段sezerano risha, (Ivyakozwe n棚ntumwa 11 :26, 26 :28, 1 Petero 4 :16) kubera inyifato, ivyo bakora, n置ko bavuga vyari vyose ishusho ya Yesu. Ijambo ォ Umukristo サ risigura kuba ォ m置mugambwe wa Kristo サ canke ォ uwizera (uwukurikira) Kristo サ

Birabaje kubona iko imyaka igenda ariko iryo jambo rita insiguro, rigakoreshwa nabi mu gusigura umuntu wu mu nye dini, canke afise amategeko akurikiza naho yoba, canke yoba atari, uwizera Yesu Kristo. Abenshi batanizera Yesu Kristo nk旦mukiza wabo biyita aba Kristo ubu, kubera bagenda mu misa canke baba mu bihugu vyitwa ko birimwo aba Kristu benshi. Ariko kugenda gusenga ntibikugira Umukristo kurya kurara aho bashira imiduga bitagutuma uhinduka umuduga !

Bibiriya iratwigisha yuko ibikorwa dukora bitadushoboza gushikira ubwiza bw棚mana canke bidashobora gutuma Imana itwakira. Tito 3 :5 haravuga ko Imana yadukijije : ォ itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko, nk置kw段mbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzana ukuvyarwa ubga kabiri, ikadukirisha ugihundurwa basha na Mpwemu Yera.サ Kubwivyo Umukristo n置muntu yamaze kuvuka ubwa kabiri avyawe n棚mana (Yohana 3 :3, Yohana 3 :7, 1 Petero 1 :23) kandi yashize ukwizera kwiwe muri Yesu Kristo. Abanyefeso 2 :8 baratubwira bati ォ ubuntu ni bgo bwabakijije kubg置kwizera : navyo nyene ntivyavuye kuri mwebge n段ngabire y棚mana.サ

Umukristo w置kuri n置muntu yamaze gushira ukwizera kwiwe muvyo Yesu Kristo yakoze, m置gupfa n置kuzuka kwiwe. Yohana 1 :12, baratubwira bati : ォ Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b棚mana. サ Icerekana Umukristo wukuri n置rukundo afitiye abandi kandi n置kwubaha kwiwe ku Mana (Yohana 2 :4,10). Umukristo w置kuri n置mwana w棚mana, ari m置muryango w棚mana kandi yahawe ubuzima busha na Yesu Kristo.

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi



Mbe Umukristo n段ki ?