settings icon
share icon
Ikibazo

Mbega bisigura iki kwakira Yesu Kristo nk’umukiza wawe ?

Inyishu


Mbe woba waramaze kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’Umukiza wawe ? Kugira dutahure kino kibazo, n’ivyiza ko tubanza gutahura ano majambo : ’ Yesu Kristo ’, ’ Umukiza ’, ’ Wawe ’.

Mbe Yesu Kristo n’inde ? Abantu benshi bokwemeza ko Yesu Kristo ari umuntu mwiza, umwigisha ahambaye, canke umuvuga butumwa w’Imana. Kandi ivyo nivyo vyose, ariko ntibishira ahabona ukuri kwuzuye kujanye nawe. Bibiriya iratubwira ko Yesu ari Imana yihaye umubiri (raba Yohana 1 :1,14). Iyo Mana yaje kuri ino si kugira itwigishe, idukize, idukosore, itubabarire- kandi idupfire. ! Yesu Kristo n’Imana, Umuremyi, kandi Uhoraho agaba vyose. Woba waramwakiriye m’ubuzima bwawe none ?

N’iki ’ Umukiza ’ none ? Kubera iki noba ndamukeneye ? Bibiriya iratubwira yuko twese turi abacumuzi, kandi yuko twese tumaze gukora ibatanezereza Imana (Abaroma 3 :10-18). Kubwivyo, dukwiye ishavu n’uguhanwa kw’Imana. Ingero yo, ijanye n’ibicumuro vyacu, bibabaza Uhoraho Imana (ibaho ibihe bidashira) n’igihano nacone kitagira iherezo (Abaroma 6 :23, Ivyahishuriwe Yohana 20 :11-15). Ico nico gituma dukenera Umukiza.

Yesu Kristo yaje kuri ino si kugira apfe kubwacu. Urupfu rwa Yesu rwarishe ivyo twebge twari dukwiye kuriha kubera Ivyaha vyacu (2 Ab’Ikorinto 5 :21). Yesu yapfuye kugira ashobore kuriha ingero y’ivyaha vyacu. (Abaroma 5 :28). Yesu yarishe ivyo twebge twari dukwiye kuriha. Ukuzuka kwiwe, kwerekanye yuko Urupfu rwiwe rwashoboye guhanagura Ivyaha vy’isi yose. Ico nico gituma Yesu ari We Mukiza Wenyene (Yohana 14 :6, Ivyakozwe n’Intumwa 4 :12) ! None, woba wemera ko Yesu ar’ Umukiza ?

Mbe Yesu n’Umukiza wawe ? Benshi bibaza ko kuba umu Kristo ari kugenga gusenga, canke kwirinda ivyaha (bimwe bimwe) no gucumura. Ivyo s’ubu Kristo. Kuba umu Kristo nyakuri n’ukugira ubugenzi (canke imigenderanire) hamwe na Yesu Kristo. Kwakira Yesu nk’Umukiza wawe bisigura gushira ukwizera kwawe muri we. Ntanumwe ashobora gukizwa n’ukwizera kw’abandi, canke m’ugukora ibikorwa bimwe bimwe (nko gutanga). Ikintu co nyene gishobora gutanga agakiza n’ukwakira Yesu (wewe nyene ubwawe) nk’Umukiza, ukizera ko mu gupfa kwiwe ivyaha vyawe vyahanaguwe hama mu kuzuka ko uzobana nawe ibihe bidashira (Yohana 3:16). None woba warakiriye Yesu nk’Umukiza wawe ?

N’iyaba wifuza kw’akira Yesu mu buzima bgawe, Senga iri sengesho. Wibuke yuko gusenga gutya canke ukundi atarivyo bigukiza. Ni kwizera Yesu Kristo nububasha bgiwe bigukura mu vyaha vyawe. Vuga uti: ’ Mana, ndazi ko nagucumuyeko kandi ndazi ko nkwiye igihano. Muga Yesu Kristo yikoreye ico gihano kubwanje, kugira ngo m’ukumwizera nshobore guharirwa. Ndashize ivyizigiro vyanje kuri wewe Yesu, kugira ndokoke. Ndagushimira ku mbabazi n’ubuntu ungiriye- n’ubuzima budashira hamwe nawe ! Amen! ’

Woba wahisemwo KRISTO kubera ivyo wasomye ngaha ? Nivyaba ari vyo, fyonda kuri"Nakiriye Yesu uno musi" munsi yaho.

English



Subira ku rupapuro rwa mbere rwa kirundi

Mbega bisigura iki kwakira Yesu Kristo nk’umukiza wawe ?
Facebook icon Twitter icon Pinterest icon Email icon
© Copyright Got Questions Ministries